Indege y’Uburusiya yari yabuze kuva ku munsi wa kane, yabonetse hasi mu mazi nko ku metero 200, ku nkengera za Barentsburg.Igipolisi ca Norvege ubu catanguye kurondera abantu munani bari muri iyo kajugujugu, nk’uko biri mw’ itangazo ry’igipolisi ca Norvege
Bikekwa muri kino gihe ko abo bantu bari muri iyo ndege bose bashobora kuba barapfuye.
Norvege ifise uburenganzira budahangarwa kuri ako kazinga ka Svalbard, ariko Uburusiya nabwo buhafise imiryango ikora mu kirombe c’amakara y’ibizuku ca Barentsburg.
Ubuserukizi bw’Uburusiya muri Barentsburg, bumenyesha ko abantu batanu bakora muri iyo kajugujugu hamwe n’abahinga batatu bashobora kuba barapfiriyemwo.
Iyo ndege yazimanganye ifashe urugendo ruva Pyramiden ahari ikindi kirombe c’Uburusiya cahebwe, ija Barentsburg.
Ni indege mu bisanzwe yari isanzwe ikoreshwa n’ishirahamwe ryimba amakara ry’Uburusiya Arktikugol.