Kenya: utavuga rumwe na Leta ntihorosha ibintu: « Ntituzokwemera gutwazwa umuheto »R Odinga

Raila Odinga yashikirije ijambo abari mu misa y’uno munsi, avuga ko ryari rigenewe perezida Uhuru Kenyatta, yumvisha ko abanyagihugu batazokwemera gutwarwa hakoreshejwe ibirwanisho.Raila Odinga yaranse kuja mu matora yasubiwemwo ku munsi wa kane, kandi gukozanyako hagati y’abamushigikiye n’igipolisi kwatumye hamwe ayo matora yigizwayo mu bice bimwe bimwe.

Mu bice bitabayemwo amatora cane cane mu burengero bw’igihugu, n’ubu ntibaramenya igihe bashobora kuzoja muri ayo matora.

Ariko vyitezwe ko mu bashoboye gutora, abenshi bahaye amajwi perezida Uhuru Kenyatta.