Abanyagihugu nibo babonye ico kiziga ubwa mbere, baca batabaza abajejwe umutekano.
Mu ntara Kirundo naho, ibisasu ntezwantoke (Grenades) bitatu vyatowe mu kinogo kiri ku musozi Gihosha, komine Kirundo, intara ya Kirundo nyene.
Ivyo bisasu bisanzwe bigikomeye vyaciye bitwarwa kubikwa ku giporisi co mu ntara ya Kirundo.