Ishirahamwe mpuzamakungu ONU rimenyesha ko abantu bagera kuri miriyoni zitatu bo mu ntara ya Kasai muri Repubulika iharanira Demokarasi ya Congo bageramiwe na kigoyi.Umukuru w’ishami rya ONU rijejwe infungurwa PAM, David Beasley, yabwiye BBC ko abana benshi bamaze gupfa bazize kigoyi, kandi ko hakenewe infashanyo yihuta kugiran’abandi benshi ntibapfe mu mezi ari imbere.
Inzara yo mu ntara ya Kasai yunyuwe n’intambara hagati y’ingabo za leta n’imigwi itandukanye yo muri ako karere, yatanguye mu mwaka uheze.
Impande zompi zagirizwa kugaba ibitero ku banyagihugu basanzwe, bwana Beasley akavuga ko PAM yabonye ibimeneytso bigaragaza ko abanyagihugu bakuwe mu zabo kugahato.