Twitter yahagaritse uwakoranye bwa hafi na perezida Trump

Roger Stone, umugabo yigeze kuba umuhanuzi wa perezida Donald Trump, yahagaritswe gukoresha urubuga rwa Twitter inyuma yo kurucako avuga nabi abanyamakuru.Bwana Stone, yigeze gufasha Donald Trump mu isekeza ryo kwiyamamaza, avuga ko yabariwe ko yarenze ku mategeko ngenderwako ya Twitter.

Guhagarikwa kwiwe gukoresha urwo rubuga kwaje gukwirikira amajambo yakoresheje ku banyamakuru barimwo uwa CNN Don Lemon azwi nk’umutinganyi.

Twitter ntiyigeze igira ico ivuga ku mugaragaro, kuri iyo ngingo yamufatiye.

Roger Stone yigeze gukorera perezida Richard Nixon mu myaka 1970 yigeze kuvuga ko ariwe yoheje Donald Trump kwiyamamaza.

Igihe yari umuhanuzi wiwe mu minsi ya mbere yo kwiyamamaza, yahavuye avana nawe mu kwezi kwa munani umwaka uheze, ariko avuga ko yagiye kubushake, Trump nawe akavuga ko yamwirukanye.

Kuva ico gihe Trump yakomeje kumwirinda, ariko Stone akunze kuboneka mu biganiro kuri za tereviziyo ashigikira perezida Trump.

Ku munsi wa gatandatu Stone yamaze amasaha menshi yandika kuri Twitter, avuga ku banyamakuru ba CNN na New York Times, abanegura uko batangaza amakuru.

Ivyo yabikoze inyuma y’aho CNN itangarije ko hari ibirego vya mbere bimaze gutangwa bivuye mw’itohoza ryakozwe ku ruhara rw’Uburusiya mu kuvogera amatora yo muri Amerika umwaka uheze.

Mu butumwa yacishije kuri Facebook, bwana Stone yavuze ko yari yizeye ko ihagarikwa ryiwe ryari kuba ryarangiye, ariko ko kugeza ubu Twitter yiwe idakora.

Yongeye ko ko ibinyamakuru vyinshi biriko bitangaza ko yahawe akato burundu ku rubuga rwa Twitter ariko ko abayobozi bw’urwo rubuga atavyo bamumenyesheje.