đUHORAHO TURASHIMA IVYIZA UTUGIRIRAđZABURI 119:17_18_19_20_21_22_23_24.
17.Ugirire neza umusavyi wawe,kugira ngo mbeho,Nanje nzokwitondera ijambo ryawe.
18.Hwezesha amaso vyanje,kugira ngo mbone ibitangaza vyo mu vyagezwe vyawe.
19.Nd’inyambukira mw isi:Ntumpishe amabwirizwa yawe.
20.Umutima wanje umenaguwe n’igihahamizi ugirira imanza zawe ziroranye ibihe vyose.
21.wahanye abibone,ari bo bivume,bahusha bakava mu mabwirizwa yawe.
22.unkureko agakengerwe n’umugayo.kuko nitondeye ivyo wihanikirije.
23.Nah’abahambaye bicaye bangira imigabo,umusavyi wawe niyumvira ivyo washinze.
24.kand’ivyo wihanikirije na vyobirampimbara,ni vyo bajanama banje.đAMEN HIMBAZWA YESUđ