Juvenal BIGIRIMANA, Buramatari w’intara ya Rumonge avuga ko abafashwe bari mu migwi ibiri y’abantu 42 : Abarundi 22 bagizwe n’abagabo 14 hamwe n’abagore 8.
Umurwi ugira kabiri ni uw’abanyekongo 20 bagizwe n’abagabo 15 hamwe n’abagore 5.
Abo bose bafatiwe mu mazu y’uburaro atandukanye, Buramatari wa Rumonge akemeza ko ata kindi bari bagiye gukora muri ayo mazu y’uburaro ubuhumbu (ubusambanyi).
Juvenal BIGIRIMANA, Buramatari wa Rumonge avuga ko Dosiye y’abo bantu yamaze gushikirizwa ubutungane, kugira ubucamanza burabe ico amategeko avuga.