Gitega : Uwahora yunguruza abantu n’ipikipiki yatowe yishwe

Amakuru ava mu giporisi c’Uburundi amenyesha ko NIYONKURU Faustin yari yaburiwe irengero kuwa gatatu igenekerezo rya 25 Gitugutu 2017 n’imoto yari asanzwe akoresha y’inimero y’imparati A 5113.
Ayo makuru nyene amenyesha ko NIYONKURU Faustin ashobora kuba yishwe n’abasuma imbere y’uko bamutwara ipikipiki.

Ikiziga ca NIYONKURU Faustin caciye gishingurwa mu kibanza catowemwo kuko cari kimaze kwononekara.

Mwomenya ko ipikipiki yari asanzwe akoresha itarafatwa.