Perezida Uhuru Kenyatta yatahukanye intsinzi y’amajwi arenga 98% ku batoye baharugwa munsi ya 39% y’abari bitavye amatora ya mbere yo mu kwa munani.Perezida Uhuru Kenyatta yavuze ko amajwi yatangajwe uno munsi yavuye mu matora yasubiwemwo ku munsi wa kane, aho ari we yatahukanye intsinzi, ari ikimenyetso co gushimangira ubushake bw’abanyagihugu.
Bwana Kenyatta yavuze ko yiteze ko abo batavuga rumwe bashobora kuregera ivyavuye muri ayo matora, ariko yaneguye uwo bahiganywe mbere Raila Odinga ko atongeye kwitaba ayo matora.
Abajejwe gutunganya amatora bavuga ko kubona hari uturere tugera ku 25 tutagiye muri ayo matora, ataco vyari guhindura ku vyayavuyemwo.
Umukuru w’akanama kajejwe gutegura amatora Wafula Chebukati, yavuze ko ayo matora yabaye ku mugaragaro, mu bwisanzure ata wurenganijwe kandi ko ari ayo kwizigirwa.