Abicishije ku rubuga rwiwe rwa Twitter, umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yanditse mu rurimi mw’icongereza agira ati : « I once again congratulate you Brother @UKenyatta for your election victory. Best wishes from #Burundi to you and the people of #Kenya. »
Tugerageje gushira ubwo butumwa mu rurimi rw’ikirundi, ubwo butumwa buvuga buti : « Ndasubiriye kugukeza muvukanyi Uhuru Kenyatta ku ntsinzi mu matora, Uburundi bukwipfurije ivyiza hamwe n’abanyagihugu ba Kenya.}’’
Uhuru Kenyatta yari asanzwe aramutswa igihugu ca Kenya yasubiye gutorwa ngo atware ico gihugu, atsinze amatora y’umukuru w’igihugu ku majwi 98 kw’ijana.
Naho ibiharuro vyashikirijwe vyerekana ko abatora bitavye ku bice 39 kw’ijana, umukuru w’umurwi utegura amatora IEBC yavuze ko amatora yabaye kw’igenekerezo rya 26 Gitugutu yabaye mu muco kandi ata tunenge.
Inyuma y’amatora yari yabaye kw’igenekerezo rya 8 Myandagaro 2017, intsinzi igatahukana Uhuru Kenyatta, Sentare ntahinyuzwa mu gihugu ca Kenya yari yamenyesheje ko ayo matora atohabwa agaciro kuko yabayemwo utunenge, iyo Sentare isaba ko yosubirwamwo.
Uhuru Kenyatta yatsinze ayo matora ku ncuro ya kabiri.