Ruyigi : Ikiziga c’umugabo catowe mu ruzi Mugogo

Amakuru ava mu giporisi c’Uburundi amenyesha ko ikiziga ca NYAWENDA Celestin catowe k’umugoroba wo kur’uno wa mbere igenekerezo rya 30 Gitugutu 2017, kandi ko ashobora kuba yatawe mur’urwo ruzi n’inkozi z’ikibi zitaramenyekana, ku mvo kandi zitaramenyekana.
Ayo makuru nyene amenyesha ko inyamiramabi ari kumwe n’abajejwe intwaro bishikiye ahatowe ico kiziga baca batanga itegeko ko kijanwa mu bitaro vy’i Butezi.

Mu giporisi c’Uburundi bamenyesha ko amatohoza abandanya.