Afrika ayepfo: Abantu bagera ku icumi biciwe mu kurasana kwabereye mu ntara ya Kwazulu Natal.

Umuvugizi w’igipolisi – Col.Thembeka Mbhele – yemeye uru rupfu rw’ikivunge.
Abarashwe bategewe mu muhanda mu gitondo c’uyu munsi bari mw’itagisi, bikibazwa ko vyoba vyatewe n’ubwumvikane buke buri hagati y’abatwara ayo matagisi.
Amasasu yadutse saa moya zo mu gitondo kw’isaha yo mu gisagara ca Ladysmith.

Umuvugizi w’igipolisi yavuze ko abapolisi bageze ahabereye ubwo bwicanyi kandi ko ibiziga vy’abishwe vyari ikiryamye aho.

Yavuze ko icegera  c’umukuru w’ishirahamwe ry’abanyamatagisi yari kumwe n’abamurinda muri umwe mu mabarabara manini aho imodoka zibiri  zagatangura kurasa abantu batanu bari kumwe n’uyu muyobozi bakahasiga ubuzima.

Uwari atwaye imodoka ngo yananiwe kuyiyobora agongana na bisi ntoya, batanu bari bayirimo bose bagwa aho.

Intara ya Kwa Zulu Natal isanzwe izwiko ubushamirane bw’abanyamatagisi barwanira ivyerekezo. Mbere haranabaye ubwicanyi bushingiye ku nyungu za politiki mu mezi aheze.