Tanzaniya : Abantu 12 bafashwe bagirizwa kwinjiza ibiyayuramutwe

Bimwe mu binyamakuru bikorera aho muriTanzaniya bimenyesha ko abo bantu uko ari 12 bafashwe bari mu bwato Dhow bwariko buja muri Zanzibar butwaye ivyo biyayura mutwe buciye mw’ibahari ya Indiyano.
Umucamanza ariko arakwirikirana abo bafashwe aramirira kure abasaba ko borekurwa bishitse bagatanga ingwati.

Ayo makuru avuga ko ivyo biyayuramutwe ari ivya mbere bibaye vyinshi kuva Reta ya Tanzaniya ishizeho urwego rujejwe kugwanya ibiyayuramutwe kuva mu kwezi kwa ndamukiza 2017.