Zimwe mu mpunzi z’abarundi zahora muri Tanzaniya na Kongo ziriko zimukira mu Rwanda

Amakuru yo Mwizigirwa amenyesha ko ishirahamwe UNHCR rivuga ko mu kwezi kwa Nyakanga 2017, ryakiriye abarundi bashika 42 bari bahungiye mu gihugu ca Kongo na Tanzaniya,bavuga ko bahunze umutekano muke.
Ivyo bibaye inyuma yaho hagati mu kwezi kwa Nyakanga 2017, abarundi barenga 30 baba mu gisagara ca Kamanyola bishwe abandi bagakomereka barashwe n’abasirikare ba Reta ya Kongo.

Ishirahamwe UNHCR rivuga ko hejuru y’ikibazo c’umutekano, impunzi z’abarundi zija mu gihugu c’Urwanda zivuga ko zije kwegera imiryango yazo isanzwe iri mw’ikambi y’impunzi ya Mahama no mu bisagara bitandukanye.

Ishirahamwe mpuzamakungu UNHCR rimenyesha ko abarundi 15 aribo bahungira mu gihugu c’Urwanda ku munsi ku munsi.