NAHIMANA Jean Claude batazira Masop arongoye Imbonerakure mu Carama yafashwe hamwe n’uwundi munywanyi wa CNDD FDD umwe, NYAMBERE Daniel asanzwe ari umunyamabanga wa CNDD FDD aho mu Carama. Uko ari babiri bakaba bagirizwa ko bahohoteye umunyagihugu yariko arataha ari mu muduga, akaba yarakubiswe gushika aho ajanwa mu bitaro.
Nk’uko amakuru dufise abivuga, kandi yemezwa na bamwe mu ndongozi z’umugambwe CNDD FDD mu gisagara ca Bujumbura, uwo muntu yakubiswe atoye ubwenge yaravuze ko yamenye abamukubise, abo babiri bakaba bafashwe n’igiporisi ku mvo z’amatohoza.
Tubamenyeshe ko hari n’abandi banywanyi ba CNDD FDD aho mu Carama bariko bararonderwa n’igiporisi, bagirizwa ko bari mu bakubise uwo muntu.