đBENSHI BAHINDUKIRIRA IMANAđIVYAKOZWE N’INTUMWA 2:37_38_39_40_41_42.
37.Bumvise ivyo,bibacumita mu mitima,babaza PETERO n’izindi ntumwa bati Bagabo bene Data,mbega tugire dute?
38.PETERO arabishura,ati ni twihane,umuntu wese muri mwebwe abatizwe mw izina rya YESU KRISTO,mubone guharirwa ivyaha vyanyu,kandi muzohabwa ingabire,ariyo Mpwemu Yera.
39.Kukw isezerano ar’iry ABANA banyu,n’abari kure bose,abazohamagarwa bose n’UMWAMI IMANA yacu.
40.Kand’ashingisha intahe ayandi majambo menshi,arabahanura,ati ni mwikize ab ‘iki gihe kigoramye.
41.Nukw abameye amajambo yiwe barabatizwa:abongewe kur’uwo musi ku bari basanzweho bari nk’ibihumbi bitatu.
42.Bashishikara cane mu vyo INTUMWA zigisha,no kugira ubumwe,no kumanyagura umutsima no gusenga.đAMEN HIMBAZWA MWAMI YESUđ