*INCUTI ZISHIKANA KU KWUBAHA IMANA* ❤
1. Ni umugisha kugira incuti nka *HENOKI*, ikakwigisha kugendana n’IMANA ( *Itanguriro 5:22*)
2. Ni umugisha kugira incuti nka *ABRAHAM*, ikakwigisha kwizera IMANA ( *Itanguriro 4:11*)
3. Ni umugisha kugira incuti nka *NOWA*, ikakwigisha kwubaha IMANA no kwumvira IMANA ugakora ivyo igusaba niyo woba utarabibona ( *Itanguriro 6:1-22*)
4. Ni umugisha kugira incuti nka *YOSEFU*, ikakwigisha gutinya no kwubaha IMANA ( *Itanguriro 39:7-12*), kubabarira no kugirira neza abaguhemukiye ( *Itanguriro 50:19-21*)
5. Ni umugisha kugira incuti nka *MOSE*, ikakwigisha kutagirira abandi ishari ahubwo ukabifuriza imigisha nk’iyiwawe ( *Guharura 11:24-29*), kugira umutima wo gusabira no gusengera abandi ( *Kuvayo 32:30-35*), mu vya Mpwemu wishimikije IJAMBO RY’IMANA kuruta ubumenyi bwawe ( *Kuva 14*)
6. Ni umugisha kugira incuti nka *YOSUWA*, ikakwigisha kudaterwa ubwoba n’ivyo ubonesha amaso kuko uzi ko uri kumwe n’IMANA ( *Guharura 13:1-13, Guharura 14:1-9*)
7. Ni umugisha kugira incuti nka *SAMUEL*, ikakwigisha gukunda no gukurira mu vy’IMANA ( *1 Samweli21c*), kwama mu vy’IMANA ( *1 Samweli 3:3*), kutumvira kameremere ahubwo ukumvira ubugombe bw’IMANA ( *1 Samweli 16:7*)
8. Ni umugisha kugira incuti nka *DAWIDI*, ikakwigisha kutita ku vyubahiro vyawe, ugaca bugufi ivyubahiro vyose bikaba ivy’IMANA ( *2 Samweli 6:16-22*), no kwemera gusaba imbabazi wacumuye ( *2 Samweli 12:1-13*)
9. Ni umugisha kugira incuti nka *SALOMO*, ikakwigisha kugira/no kuvugana ubwenge buva ku MANA ( *Yakobo 3:17*)
10. Ni umugisha kugira incuti nka *EZIRA*, ikakwigisha gukunda no gukora ibikorwa vy’IMANA wahamagariwe no ku bikundisha abandi, ukabatera umwete ( *Ezira 7:12-28*)
11. Ni umugisha kugira incuti nka *NEHEMIYA*, ikakwigisha gusengera igihugu cawe ( *Nehemiya 1:1-9; Nehemiya 9*), ku cubaka no ku giteza imbere, ukanatera intege abandi ( *Nehemiya 2:9-20*)
12. Ni umugisha kugira incuti nka *ESTHER*, ikakwigisha kutazigera na rimwe wirengagiza bene wanyu mu gihe uzoba warakomeye cane, ahubwo ukabibuka, mukama mufashanya muri vyose, ukanabashigikira ( *Esiteri 4:1-17*)
13. Ni umugisha kugira incuti nka *YOBU*, ikakwigisha kwizigira IMANA muri vyose ( *Yobu 19:23-27*), gukunda no kutava ku MANA mu bikogwa vyawe vyose ( *Yobu 1:21-22*), kudacika intege mubigushikira vyose ahubwo ukizera IMANA ( *Yobu 27:3-6*), gushingira abandi intahe ubushobozi bw ‘IMANA n’urukundo rwayo uri mu ngorane ( *Yobu 42:7-17*)
14. Ni umugisha kugira incuti nka *DANIEL*, ikakwigisha guhitamwo kutiyanduza ( *Daniel 1:8*), gukunda gusenga kenshi no ku bikundisha abandi( *Daniel 6:11; Daniel 2:17-18*), kugororoka ( *Daniel 6:5*), kwubaha IMANA mbere ya Vyose no ( *Daniel 6:22*) kwizigira Imana ibihe vyose ( *Daniel 6:22*)
15. Ni umugisha kugira incuti nka *LUKA* umuganga ( *Abakolosayi 4:14a*), ikakwigisha uko wovuga ubutumwa bwiza mu kazi kawe, aho woba uri hose, na cane cane mubihe uri kumwe n ‘abihebuye, ukababwira ubutumwa bwiza bw’ivyizigiro
16. Ni umugisha kugira incuti nka *PAUL*, ikakwigisha kuvuga ubutumwa bwiza udakoresheje ubwenge bwawe ( *1 Abakorinto 1:17; 1 Abakorinto 2:1-4*), ukavuga ubutumwa bwiza ushizamanga ( *2 Timoteyo 4:17*), ivyo vyose ukabikora uyobowe na Mpwemu Yera ( *2 Petero 1:21*)
17. *ARIKO KANDI NI UMUGISHA UTAGABANIJE, IYO YESU ARI INCUTI YAWE (Yohana 15:15)*; Akwigisha Ivyo abandi bose batoshobora ku kwigisha, ndetse n’ivyo abandi bokwigisha, *YESU ni we abitunganya k ‘urugero rushikana k ‘ ubugororotsi.*
*YESU NI WE NCUTI IRUTA KURE CANE IZINDI ZOSE WAMENYE, UZI, UZOMENYA. NTACO WOGERERANYA NIYO YESU UBWIWE AKWISE INCUTI YIWE BWITE (Yohana 15:15).
NDABIFURIJE NAMWE KUBA INCUTI ZA YESU❤🙏🏾.*