đINGEN’UMUTIMA WIBESHA KURUTA IBINDI VYOSEđYEREMIYA 17:5_6_7_8_9_10_12_14_17_18.
5.UKu ni K’UHORAHO agize,at’aravumwe umuntu yishimira abantu,akizigira inkomezi z’abari n’umubiri,umutima wiwe ukava K’UHORAHO.
6.Azoba nk’agasaka k’inkokore mu bugararwa,kandi ntazobona ivyiza bimuzako;arikw azoba ahagadutse ahantu h’ubweranyange,igihugu c’umunyu kitabamw’abantu.
7.Arahiriwe umuntu yizigira UHORAHO,UHORAHO akaba ivyizigiro vyiwe.
8.Kukw azoba nk’igiti gitewe i ruhande y’amazi,kitumva izuba iyo ryatse,ariko kikamana itoto;ntikizorinda kwiganyira mumwaka w’uruzuba,kandi ntikizoharuruka kwama.
9.Umutima uribesha kuruta ibindi vyose,urwaye indwara itavurwa ni nde yowumenya?
10.Ni jewe UHORAHO nsesa umutima,nkagerageza umushaha,kugira ngo ngerere umuntu wese ibikwiranye n’ingeso ziwe,n’ibikwiranye n’ivy’ibikorwa vyiwe vyeze.
12.Ahantu h’ahera hacu ni ho ntebe y’icubahiro,ishizwe hejuru uhereye mbere na mbere.
14.Mvura, UHORAHO we,nanje ndakira;undokore, nanje ndarokoka kukw ari wewe shimwe ryanje.
17.Ntimumbere ikinca ivutu:ni wewe ubuhungiro bwanje ku musi w’ivyago.
18.Abampiga ni bamaramare,ariko jeho noye kumaramara,ni bacike ivutu,ariko jeho noye kuricika:ubashitseko wa musi w’ivyago,ubageseze umurengera.đAMEN HIMBAZWA MWAMI YESUđ