Abantu 7 barishwe, 10 bahagarikwa hadakurikijwe mategeko mu ndwi imwe.

Nkuko biri mu cegeranyo ca SOS-Torture kigira 99, SOS -Torture Burundi riragaruka ku biziga vyatowe mu ntara ya Gitega. rikavuga ko ibiziga vyatowe ahanini vyatowe ku misozi no mu nzuzi.
Icegeranyo ca SOS-Torture kivuga kandi ko iryo shirahamwe rifise impungenge n’amakenga ku myimenyerezo ya gisirikare ihabwa bamwe mu rwaruka rw’umugambwe CNDD-FDD, mu ntara ya Cibitoki.

Muri ico cegeranyo ishirahamwe SOS-Torture riragaruka kandi kw’ipfungwa rya Gervais RUKUKI yahora mw’ishirahamwe rikingira agateka ka zina muntu apfungiwe mw’ibohero rya Ngozi, rigasaba ko arekurwa.

Ishirahamwe SOS-Torture rikarangiza risaba igihugu ca Tanzaniya kuva mu gacerere ku bijanye n’ihagarikwa ry’indongozi zine z’umuhari FPB bahagarikiwe mu gihugu ca Tanzaniya kw’igenekerezo rya 21 Gitugutu 2017.