Michel KAFANDO, intumwa idasanzwe y’umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU mu Burundi
Muri urwo rugendo rw’iminsi indwi, Michel KAFANDO yabonanye n’umushikiranganji ajejwe imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu, umuhuza w’Abarundi Eouard NDUWIMANA, Umwungere wa Ekereziya Gatorika i Bujumbura, hamwe n’abaserukira ibihugu vyabo mu Burundi. Abanyeporitike ntibabonanye n’iyo ntumwa idasanzwe ya ONU mu Burundi, Michel KAFANDO akaba kandi atigeze avugana n’abamenyeshamakuru.
Mw’itangazo ubuserukizi bw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU mu Burundi bwasohoye kuri uwu w’Imana inyuma y’urwo rugendo, bamenyesha ko Michel KAFANDO n’umuhuza w’Abarundi Edouard NDUWIMANA baganiriye ku biganiro bihuza Abarundi bigiye gusubira gutanguzwa, naho ata genekerezo bizoberako ryavuzwe muri iryo tangazo.
Urwo rugendo rwa Michel KAFANDO mu Burundi ni urwa kabiri, bikaba bitegekanijwe ko azoshikiriza ivyo yashitseko, mu nama y’umutekano ya ONU izoba kw’igenekerezo rya 20 Munyonyo 2017.