Abanyororo babiri bo mw’ibohero rikuru rya Bubanza batorotse mw’ijoro ryo kuri uwu wa mbere, nk’igihe c’isaha indwi z’ijoro, mu mvura yaguye muri iyo ntara ya Bubanza.
Abatorotse ibohero ni Tangishaka Jean Bosco batazira Hassan w’imyaka 26 hamwe na Nijembere Ézéchiel batazira MADRED w’imyaka 35.
Umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi, Petero NKURIKIYE, amenyesha ko abo banyororo buriye ku mpome, batoroka mu mvura. N’aho abaporisi bacunga ibohero rikuru rya Bubanza barashe amasasu bariko bagerageza kugarukana abo banyororo, ariko biba impfagusa, kuko batabafashe.
Abo bapfungwa bari bagirizwa ko aribo bishe umuporisi azwi kw’izina rya GAHUNGU Leonidas wo ku kurindiro co ku Muzinda, mw’ijoro ryo kw’igenekerezo rya 15 Munyonyo 2015. Urubanza rwabo rwari rugeze muri Sentare isubiramwo imanza i Bujumbura.
Mu giporisi bamenyesha ko babandanya kubarondera.