Igisirikare c’Uburundi cemeza ko ata mafaranga yibwe mu kigega CECAD

Mu gihe amakuru atangwa n’abegereye abari bafashwe avuga ko abo barongoye ikigega CECAD (Coopérative d’Epargne et de Crédit pour l’Auto Développement) bari batwawe mw’iperereza kubazwa mu matohoza ku dutabu tw’ukubikuza amafaranga (Chequiers) twazimiye, Colonel Gaspard BARATUZA ashikiriza ko izo ndongozi zari zatwawe mw’iperereza kugira bigire hamwe ingingo zofatwa kugira ubutunzi bw’abanywanyi ba CECAD bacungerwe neza.
Koperative CECAD
Colonel BARATUZA yemeza ko ikigega CECAD cifashe neza, kandi ko ata mafaranga yazimanganye.

Ku kibazo c’abasirikare batararonka imishahara yabo ya AMISOM, Colonel Gaspard BARATUZA avugira igisirikare c’Uburundi amenyesha ko ibikorwa vy’ugushira ayo iyo mishahara ku bubiko (Comptes) bw’abo basirikare bitarahera.

Colonel Gaspard BARATUZA, umuvugizi w’igisirikare c’Uburundi

Tubobiutse ko Abayobozi bane b’ikigega c’ukuziganya c’igisirikare c’Uburundi bari bafashwe ku muhingamo wo kuri uwu wa mbere barekuwe, inyuma y’ukwumvirizwa mw’igendereza ry’Uburundi.

Abari bafashwe ni Colonel Viator Munyankindi umuyobozi mukuru wa CECAD, Major Nestor Bigirimana umuyobozi ajejwe ivy’ubutunzi, Colonel Antoine Bigayi, hamwe Lt-col Claver Ndikumwami.

Ikigega c’ukubika n’ukubikuza amafaranga c’abasirikare b’Uburundi kimaze imyaka icumi gikora. Muri ico kigega bageze ku mutahe w’amafaranga imiriyaridi 37 z’amarundi, abanywanyi nabo bakaba bageze ku bihumbi 38.