《🌹NI IJURU RITO🌹》
👉🌷UMUGABO MWIZA n’🌺UM MWIZA.
1.Iyo tuvuze Umugabo(Umugore) MWIZA(Beza),tuba tuvuze ubwiza bwo k’Umutima,umuntu bamwita Umugabo,Umufasha Umushingantahe canke Umupfasoni,bivuye kuri kamere yiwe(zanyu)nziza.
2.Yubaha IMANA kandi yubahiriza,Umwami(kazi) wiwe(umugabo,Umugore)Umufasha wiwe.
3.Agira umwete mukuronderera umuryango.
Intumwa Paulo,aduhamagarira kugira umwete mubikorwa vyose.
4.Iyo umwami(kazi) wiwe agizi ikibazo barikoreranira umutwaro kubabarana.
5.Umugabo(gore) mwiza ntiyirengagiza abamwituye ,agira Umutima w’imbabazi.
6.Agira umubano mwiza murugo,kukazi,ahari hose aba akarorero keza.
7.Yakira neza abatumbereye URUGO rwiwe.
Twibuke,
ABURAHAMU yagiriye neza Abashitsi asanga n’Abamarayika.
8.Azi gushikiriza iciyumviro ciwe mubandi mubwitonzi,iyo iciyumviro cabandi kirushije rwiwe avyakirana Urukundo.
9.Yihanganira ihindagurika mubuzima bw’Isi,akarorero.
A,Igihombo. B,Ihagarikwa kukazi.
C,Kubura ivyo yaratunze.
D,Kwihangana abeshewe Canke ahemukiwe.
10.Umugabo(Umugore) wiwe,amugira Umwami(kazi)bahora bahana agaciro n’Icubahiro;
bagahanurana.
Bafundikira hamwe ivyokurikizwa mu MURYANGO.
Muraha(Baraha) Agaciro abari mu RUGO,mutegerezwa BARAHANURANA ba GAHARIRANA.
11.BARAKURIKIZA IYO MYIBUTSA
A,Ibigiye inama bigirimana.
B,Ubugirigiri bugira babiri.
C,Tubiri tuvurana ubupfu.
D,Babiri baruta umwe.
E,Intibagira ntibana.
F,Umwe yifasha gusara ntiyifasha gusaba.
G,Iminwye iryoha inyuranye.
H,Ahari ubumwe urusato rwimbaragasa rwifuka batanu.
12. AMASOMO
➖➖➖➖➖➖
MATAYO 7:7.musabe ,muzohabwa murondere muzoronka,muramutse muzokwugururirwa.
Mika 7:7.
🌹UHORAHO TURASHIMA IVYIZA UTUGIRIRA MUMIRYANGO YACU, KOMEZA UZIGAMA IVYACU N’ABACU🍇
Amen🙏🙏🙏🙏🙏
