Isengesho ryo kukuremesha.

Data, mw’izina rya Yesu Kristo, mpezagira mu gihe nzoba ndiko ndasoma iri sengesho, kand’ uhezagire mu buryo butangaje n’ uwo yarindungikiye. Ugurura amarembo y’ ibitangaza ku buzima bwacu uno musi. Dukize hama utubohore! Duhe ku migabane ibiri y’ Impwemu Yawe mu gihe tuzoba turiko turatora ivyo Satani yatwivye : ubuzima bw’ ibigumbagumba, ubuzima bw’ umubiri, ubutunzi, ubucuti, abana, ubuzi, amazu, Ingo. Ndasambura imigambi yose Satani yari yateguye ku buzima bwacu mw’ izina rya Yesu Kristo. Ndavuga nti : NTA KIGWANISHWA BACURIYE KUNGWANYA KIZOGIRA ICO KINGIRA NA GATONYA! Ndatura ubuzima ku kintu cose gipfuye. Kandi ndagushimiye kw’ atanakimwe gishobora guhera utavuze ko caheze! Ndatangaza ku buzima bwacu no kubw’ ibintu vyacu nti :Abo mu nzu zacu barahezagiye;

Ubuzima bwacu burahezagiye;

Ingo zacu zirahezagiye;

Ubutunzi bwacu burahezagiye;

Urudandazwa rwacu rurahezagiye;

Ubuzi bwacu burahezagiye;

Abana bacu barahezagiye;

Abuzukuru bacu barahezagiye;

Abavyeyi bacu barahezagiye;

Abavukanyi bacu barahezagiye;

Ivyo dukora birahezagiye n’ingingo dufata zirahezagiye; Abagabo bari ku nzira; abagore bari ku nzira baza ; amadeni yose araheze; ivy’ imitima yacu ishaka biri ku nzira biza aho turi nk’uk’ ubugombe BWAWE buri mw’izina rya Yesu Kristo! Amen!

Senga iri sengesho hama urirungike ku muntu wese uzi. Mu masaha make uzoba utumye abantu bagusengera kand’ uzoba utumye benshi basengeranira.

 Hezagirwa!