Uburundi bwagiriza CPI ko iriko itegura intambara mu Burundi

Umushikiranganji w’ubutungane, Aimé Laurentine KANYANA niwe yashikirije kuri uwu wa gatanu aho Reta y’Uburundi ihagaze ku ngingo Sentare mpanavyaha mpuzamakungu yafashe yo gutanguza amatohoza mu Burundi.

Reta y’Uburundi yibutsa ko kuva kw’igenekerezo rya 27 Gitugutu itakiri muri iyo Sentare, kandi ko n’ingingo zose zifatwa inyuma y’iryo genekerezo zitaraba Uburundi. Reta y’Uburundi yemeza ko yavuye muri iyo Sentare ata rubanza ifise.

« Mu kiringo c’umwaka wose kuva Uburundi bumenyesheje intumbero y’ukuva muri CPI gushika kw’igenekerezo rya 27 Gitugutu 2017, nta ngingo n’imwe Uburundi bwigeze bumenyeshwa n’iyo Sentare. Ingingo zose zizofatwa n’iyo Sentare ntazo tuzokwemera, kuko bitazoba vyubahirije amategeko. »

Abacamanza ba CPI bamenyesha ko iyo ngingo y’ugutanguza amatohoza mu Burundi yafashwe kw’igenekerezo rya 25 Gitugutu 2017 Uburundi bukiri muri CPI, ariko ko babanje kubangira kuyishikiriza kubera umutekano w’ivyabona ku vyaha vyakozwe mu Burundi kuva kw’igenekerezo rya 26 Ndamukiza 2015. Umushikiranganji Aimé Laurentine KANYANA siko abibona : « Mbega ivyo bavuga ngo bariko bakingira abantu b’ivyabona vyabo, abo bantu ubuho ntibahiriho? Ko wumva ayo matohoza agira abe, abo bantu ntibagikeneye kubakingira? Murumva ko harimwo ikintu c’ukugomba gutera ubwoba Abarundi, bagume babuza amahoro Abarundi. »

Reta y’Uburundi imenyesha ko iyo Sentare yamaze gutakaza intumbero, kuko kubwa Reta y’Uburundi, ikorera iyo Sentare yisuka muri poritike y’ibihugu biyigize

« Iyo Sentare ikorana kandi igashigikira abagomvye gusambura no guhungabanya umutekano w’igihugu. »

Umushikiranganji Aime Laurentine KANYANA amenyesha ko Reta y’Ubuurndi ifise inzego zikwiye z’ugutohoza hamwe n’uguhana ivyaha hisunzwe amategeko y’igihugu n’ayandi mpuzamakungu. Aime Laurentine KANYANA akebura ibindi bihugu vya Afrika bikiri muri iyo Sentare.

« Ibindi bihugu vyose vyari bikwiye kubona ko iyo Sentare mpanavyaha mpuzamakungu yahindutse igikoresho ca poritike c’ukudurumbanya inzego z’ibihugu. »

Reta y’Uburundi isozera imenyesha ko iyo ngingo yafashe na CPI yerekana ko iyo Sentare iriko itegura intambara mu Burundi, umushikiranganji KANYANA akavuga ko Uburundi bufise ingabo zizoburwanira, kuko zisanzwe zinavyifatamwo neza mu gihugu hagati canke mu bindi bihugu zirungikwamwo kugarukana amahoro.

Tubamenyeshe ko ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu bwatunganije kuri uwu wa gatandatu imyiyerekano y’ukwiyamiriza iyo ngingo yafashwe na Sentare mpanavyaha mpuzamakungu. Iyo myiyerekano izobera mu ntara zose zigize igihugu c’Uburundi.