UKUVANGIRWA MW’IJAMBO RY’IMANA NO MU UBUVUGISHWA KU BURUNDI MUBIYITA ABAVYGISHWA N’ABAVUGABUTUMWA.
Ncuti nawe mukundwa wumva ururimi rw’ikirundi aho uri hose, ndabaramukije amahoro y’Imana nti SHALOM! Nkuko twabasezeraniye kuzokwama tubibutsa ivyo Uhoraho Imana yacu yavuze kugira mubizirikane kandi tukabemerera no kuzokwama tubakebura kugira ngo ihanga ry’Imana, Satani ntarivangire n’inyigisho, ubuhanuzi n’ivyizigiro vy’IBINYOMA, twipfuje kwongera kwibukanya ivyerekeye ubuvugishwa, ijambo ry’Imina no kuvangirwa mu vyerekeye amasazerano Imana yahaye abarundi.
Muzokwumva vyinshi hirya no hino mu mihari n’imirwi yiyitirira ivugabutumwa, abasenzi n’amasezerano ku Burundi, mugabo ntimuzoranduke imitima. Imwe mu mirwi irafise mpwemu yo guhishurirwa niyo kugenzura IJAMBO n’UBUVUGISHWA mugabo hariho n’iyindi myinshi yamaze kuvangirwa n’inyigisho , n’ubuhanuzi biva kuri wa murwanizi satani n’abadayimoni. Murige rero kugenzura impwemu mwishimikije Ijambo ry’Imana ryanditswe muri Bibiliya.
Hariho abantu benshi biyadukiza ngo ni abakozi b’Imana, abaseznzi canke abavugishwa maze bakigisha, bakanavugishwa amajambo bigeneye, amajambo bita ay’Imana; bagaheza bakavuga yuko ari Uhoraho Imana yabatumye mugabo babeshera Imana kugira ngo bakunde bikwegereko abantu benshi baronke abo babazimiza.
Uturorero ni twinshi, hari abahenze abantu mu kuvugishwa ibinyoma ngo ibisagara vy’Uburundi vyose biragoswe n’ingabo zitabaho, ivyo bituma vyatumye abafise imitima ihuha bisuka kurisongoye benshi baricwa, abatari bake barapfungwa uretse amasinzi y’abantu yataye izabo akaja kugorerwa mu buhungiro mumakambi y’impunzi. Ubuvugishwa nkubwo nibwo bunatuma abantu benshi babundabunda kubera umutekano muke bashizwemwo n’ikinyoma. Ibintu nkivyo bica inkokora abantu batari bake, mbere bigatuma amasinzi y’abantu bagerera kure y’Imana. Bakunzi ikinyoma ni kibi, ukwigira umuhinga muvyo Imana ugasigura amateshwa nkayo tubona kuri za whatsapp na facebook ni ukumenja kuko ni ubukozi bw’ikibi mubundi.
Uwodondagura uturorero ntiyoturangiza, murazi mwese amajambo y’abiyita abakozi b’Imana, bagenda baravuga ngo Imana yavuze ngo Sentare Mpuzamakungu Mpanavyaha, ngo ONU, ngo UE, ngo UA, ngo Maprobu,….Bakadendekeranya utuntu kuko babonye ikintu gishitse. Mwiyubare, murereke, ntimurwe mudutego tw’ububeshi nkisinzi ry’abantu twabuze kubera ibinyoma vy’abantu binyegeza muvy’Imana canke abavangiwe bahora bakorera Imana, maze bagatuma abantu bizera ibintazi.
Kenshi abo bavugishwa b’ibinyoma bafata ivyipfuzo vyabo, bakanamenya nico abantu babumviriza bipfuza, babivanze na za kameremere zabo baca babivugishweko canke bakabesha ngo niko Imana yavuze maze bakabisuka mu bantu ngo ni ubuvugishwa Imana yatanze, ngo ni amasezerano y’Imana ku gihugu c’uburundi; bati Imana igiye kwica aba n’aba, izokora ibi n’ibi ukamengo Uhoraho Imana yarabahaye programme. Amajambo nkayo aryohera abafise agatima gakunda agapfa, agatima ko kwihora, n’udutima twuzuye inzigo, intuntu n’umubabaro vyo kugira nabi kubera mabi baba barakorewe nko gukumirwa mu vyo intwaro, ugupfungwa, ukwangazwa no kwicwa. Amajambo nkayo rero yitiriwe Imana, agira uburemere mu mitima yabantu, akaba yobatuma no gukora ivyo batokoze. Ico bita mu ndimi zo hanze lavage du cerveau canke brain washing.
Ni Mwame mwibuka, nkuko mwavyumvise kuri radio ISEZERANO no muzindi nyigisho z’abisezerano, hishimikijwe imirongo y’ijambo ry’Imana, ingene Imana yahaye abarundi ISEZERANO ry’intahava, n’ingene ishikiriza ubutumwa ihanga ryayo kuva kera na rindi. Mu ndoto nka yozefu umugabo wamariya n’abandi benshi, muguhura n’Imana canke intumwa zayo nka Aburahamu n’abandi benshi, mu bavugishwa batandukanye nka ba Eliya n’abandi, mukwuva amajwi nka ba Samweli n’abandi, mu kubona inyereko n’ubundi buryo bwinshi butandukanye. Ivuo Imana iracabikora n’uyu munsi mugabo hariho ababeshi baca biking mu kiza kubera inyungu zabo. Muturorero twose dusanga muri Bibiliya Yera no mu bishingantahe bitandukanye vyo hirya no hino kw’isi, ntaho uzosanga Uhoraho Imana yahaye abana b’abantu ido n’ido ry’imigambi yayo yose.
Ku gihugu cacu c’Uburundi naho nyene nikwo kwuko, Imana yarasezeraniye abayubaha, UBURUNDI BUSHASHA BW’ISEZERANO mugabo nta muntu n’umwe yigeze ibwira uko izobigenza, inzira izobikoramwo, ngo imuhe ido n’ido yuko bizogenda birakurikirana. Abantu batari bake baciye baza barahendana, bashiramwo ububeshi ngo Imana yavuze ngo bizogenda gutya na gutya, mugabo ni ivyipfuzo vyabo gusa. Imana irafise ivyo yapfunditse bikiri ibanga. Abantu twese turaraba ivyo Uhoraho Imana ikora tugatangara, kuko ni utwumiza. Abo rero bazobabwira yuko bazi ibanga ryose ry’ISEZERANO, bababwira ngo havuye iki hazokurikira iki, ngo muri uyu mwanya ni ababeshi, abangushi n’aba (ESCROTS). Uretse nabo bari muri uwo murwi, hari n’igihe usanga hari umutu canke akagwi kabantu bafise akagwara kameez nkagakabugwa n’ikibaye, Atari ubushirasoni gusa mugabo ugutwazwa intuntu n’ivyipfuzo vyiwe canke impwemu zihumanye maze bagaheza bakandi ibintu canke bakavuga amajambo bafatanya ibidafatanika. Basuka ubugwayi bwabo ahabona ico bita mu gifaransa (delires) mugabo si abantu benshi babibona kuko ivyo vyiyumviro vyabo babitwikiriza amajambo y’Imana.
Mumenye rero yuko mumajambo menshi habamwo ubupfu nkuko Salomo yabivuze. Ibintu nkivyo ntimukabishireko umutima canke ngo mubikwiragize. Mwomenya yuko Umumarayika w’Imana ariko araniganira ikiziga ca Mose na satani, ntiyigeze amutuka. Ijambo rihambaye yavuze ni: IMANA IGUHANE. N’ejo nejo bundi nimwabona umuntu mugutuka, naho boba ari babi gute, abanda yikura agashambara mumenye yuko ata Mana iba iri muriwe. Umuhinga nyawe muvyo isezerano, arategura umutima wiwe, agasenga Imana mukuri no mu Mpwemu maze akarindira ikiganza c’Imana. Ijambo ryayo ritubwira yuko ataco Imana izokora itabanje kwibira abasavyi bayo akabanga, ni naco gituma yatubariye ngo twitegurire kwakira amasezerano mugabo ntibazoguhende ngo yavuze ngo izobigenza gutya. Ubuvygishwa butari bumwe buremeza yuko Imana igomba kugira ico yikorereye ku Burundi no mu barundi mugabo ntiyigeze ivyga ngo izokoresha Amerika, CPI, ONU,UE,UA,EAC canke aba ahubwo yagize iti ivyananiye amahanga nzoheza ndabikore kugira abarundi n’abanyamahanga bose bazomenye yuko “Jewe Uhoraho ndi Imana yabatoranije”.
Bibwirwa benshi bikumva benevyo.
Umwami Yesu abahezagire
Dr Merlin Dusengumuremyi.
Amahoro.
Biragoye caane gutahura ibintu vy’ubuvugishwa bw’uburundi. Uhereye 2015 nabonye muduha ngaha ubuvugishwa butari buke n’ayandi amakuru atandukanye.
None uyu musi ko Imana ikirabishije ijisho ry’imbabazi Uburundi n’abarundi, harageze ko haza abahinyuza ivyavugishijwe abambere?
Uhoraho Imana ni umunyembabazi, yuzuye ubuntu n’urukundo vyinshi !
J’aimeJ’aime
Urakoze cane kandi uvuze ukuri. Imana ntiyageneye kurimbura mugabo gukiza.
J’aimeJ’aime