Urunani rw’imigambwe n’amashirahamwe vyishize hamwe ngo bigondoze ubutegetsi bwo mu Burundi, CENARED, ngo ntiruzoja mu biganiro vyitezwe mu kwezi kuza.
Umukuru w’urwo runani, Charles Nditije, yabwiye BBC Gahuzamiryango ko umuhuza Bejamin Mukapa atatumiye urwo runani, ngo ahubwo yatumiye umuntu umwe umwe ku giti ciwe.
Bwana Nditije kandi yavuze ko Mukapa yihindukije mw’ijambo kuko ngo bagomba kubonana nawe mu mpera z’ino ndwi imbere y’uko ivyo biganiro bihamagazwa ngo ariko vyaciye bisiba.Charles Nditije yavuze ko ivyo bigaragaza ko bakumiriwe, ngo rero nta kamaro ko kwitaba ivyo biganiro.
Abakekwa gushaka gutembagaza inzego
Leta y’u Burundi yamye ivuga ko itemera urunani CENARED, yagiriza kuba rurimwo bamwe mu bashatse gutembagaza ubutegetsi mu Burundi mu 2015.

Imvururu mu Burundi zatanguye nyuma yo gutangaza kwitoza kwa Prezida Pierre Nkurunziza
Vyongeye, kuva ibiganiro bihuza Abarundi vyatangura kubera i Arusha muri Tanzania, CENARED ntiyigeza itumirwa nk’urunani ahubwo hatumirwa abayigize umwe wese ukwiwe.
Kuri ubu biragoye kumenya ico ibiganiro vyo mu kwezi kuza bizoshikako, mu gihe ata budasa n’ivyabanjirije uravye uburyo bitunganijwe.
Leta y’i Bujumbura kandi ibandanya kwemanga ko ibiganiro bigomba kubera mu Burundi.
Ibiganiro hagati y’abatavuga rumwe ku kibazo c’u Burundi bimaze hafi imyaka ibiri, bikaba vyatanguye nyuma y’imvururu zakurikiye kwitoza kwa Prezida Pierre Nkurunziza.
Yitoje mu kiringo abamushigikiye bavuga ko ariko ica kabiri, abatavuga rumwe nawe bakavuga ko ari ica gatatu kandi ko kitubahirije amategeko.