
Bwana Mugabe na General Chiwenga bagaragaye batwenga
Gushika ubu ntibiramenyekana nimba hari icavuye mu biganiro hagati ya Prezida wa Zimbabwe, Robert Mugabe, n’umukuru w’igisirikare General Constantino Chiwenga.
Ivyo biganiro vyahagarariwe n’intumwa zavuye muri Afrika y’epfo zije gufasha muri iki kibazo.
Bwana Mugabe, asanzwe apfungishijwe ijisho kuva aho igisirikare cigaruriye uburongozi bwa Zimbabwe kuwagatatu, yagaragaye ahana ukuboko 
Intumwa zavuye muri Afrika y’epfo nizo zahagarikiye ibiganiro
Umwe mu bakuru b’abatavuga rumwe na leta, Morgan Tsvangirai, yahamagariye bwana Mugabe gutanga imihoho ubunyene.
Igisirikare ca Zimbabwe gisa n’icavyinjiyemwo mu ntumbere yo kubuza umugore wa bwana Mugabe, Grace, kumusubirira mu kibanza c’umukuru w’igihugu.