Igishusho bita ica Yezu coba cashushanijwe n’umuhinga w’umutaliyano mu gushushanya, Leonardo da Vinci, cagurishijwe icamunara mu gisagara ca New York imiliyoni 450.3 z’amadolari, amahera atari bwagegweko mw’ico gisata.
Ico gishusho kiriko Yezu Kristu, ciswe Salvator Mundi — ‘Umucunguzi w’isi’.
Bivugwa ko ari kimwe mu bishusho bigisigaye vyakozwe na da Vinci – ariko si bose bemeza ko kimwegukira.
Umwe mu bazi gusuzuma ibishusho yavuze ko gisa naho ata buzima cerekana, ko casubiwemwo kenshi, ugasanga hamwe gisa na gishasha handi n’igishaje.
Igishusho Salvator Mundi ngo coba cakozwe mu 1505, ngo nico coba cari gisigaye mu bantu.
Leonardo da Vinci yapfuye mu 1519, akaba yasize amashusho agera kuri 20 yakoze mu buzima bwiwe.