Icibutso c’abarwanyi ba CNDD FDD kigiye kwubakwa i Bubanza

Umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD-FDD, Evariste Ndayishimiye yabishikirije kuri uwu wa gatanu mu birori vyo gushira ingori z’amashurwe ku ntatemwa za bamwe mu barwanyi ba CNDD FDD baguye ku rugamba, intatemwa ziri iri ku Musenyi, muri Komine ya Mpanda, intara ya Bubanza. Ico kibanza kikaba arico kizokwubakwamwo ico cibutso, hamwe n’ikigo c’ukubibukirako.

« Birababaje kuruhira ubusa, ntibabe batereye ubuzima bwabo ubusa. Aha habe icibutso gikomeye. Abegereye ngaha muradufasha tuharondere ikibanza tuhashire icibutso tuzoshirako amazina yose y’abiguze urugamba. »

Evariste Ndayishimiye asigura ko bizotuma abo baguye ku rugamba batibagirwa, n’abazovuka bahakure icirwa.

« Ntihagire n’umwana azovuka azosubira guhohera ku bintu bijanye n’intambara. Ntihagire n’uwuzosubira gutwara igihugu ahohere ku bintu vy’ugutoteza abenegihugu. Kuko tutagize icibutso, hazogera nko mu myaka 20 uje ubona umuntu ari ku butegetsi atangure kwiyita igihangange atoteza abenegihugu. »

Evariste NDAYISHIMIYE amenyesha ko mu mugambwe CNDD FDD bakeneye ko mu Burundi hazokwama hari intwaro izokwama yumvikana n’abanyagihugu, uko bigenda kwose.