đGUFATANYA N’IMANA NI KWO KUREKA IVYAHAđ1YAHANA 1:5_6_7_8_9.
5.Ubu ni bwo butumwa twumvise bwavuye kuri we,tukabubabwira,yukw IMANA ar’umuco,kandi muriyo ko hatagira umwiza na mukeya.
6.Tuvuze yuko dufatanije na yo,tukagendera mu mwiza,kuba ar’ukubesha,ntituba dukora ivy’ukuri.
7.Ariko tugendeye mu muco,nk’uko na yo iri mu muco,tuba dufatanije ubwacu,kand’amaraso ya YESU Umwana wayo atwoza icaha cose.
8.Tuvuze yukw ata caha dufise,tuba twizimiza,ukuri ntikuba kuri muri twebwe.
9.Ni twatura ivyaha vyacu,ni yo yokwizigirwa kand’igororoka,ivyo ni vyo bituma iduharira ivyaha vyacu,ikatwoza ukugabitanya kwose.
đAMEN HIMBAZWA MWAMI YESUđ