Kanyosha : Abantu batandatu bagirizwa kwiba bakoresheje imipanga

Umuvugizi w’igiporisi Pierre NKURIKIYE amenyesha ko uko ari batandatu bose bafatiwe muri quartier Gisyo, zone Kanyosha, Komine Muha iri mu bumanuko bw’igisagara ca Bujumbura, bafise imipanga itatu n’ivyo kumurikisha (torches) zitatu.

Uwo avugira igiporisi amenyesha ko bafashwe nk’igihe c’isaha icumi z’ijoro buca ari kuri uwu wa gatanu igenekerezo rya 17 Munyonyo 2017, bakaba bari mu murwi w’abantu bamaze iminsi bavugwa ko bakora ubusuma mw’ijoro ku bantu barengana.

Bafatiwe mu Kanyosha (Gisyo) bagirizwa kwiba bakoresheje imipanga

Pierre NKURIKIYE arashimira abitanze bose kugira abo bafatwe, akamenyesha ko bamaze gutangura gukorerwa amadosiye kugira bashikirizwe ubutungane.

Mwomenya ko hari haheze ikiringo cababa ukwezi kumwe hafashwe abandi bane bagirizwa kwiba bakoresheje imipanga, muri ako gace ka Kanyosha nyene.