
Mw’ijambo yashikirije mu birori vy’ugutanguza iyo ndwi, umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD FDD yamenyesheje ko ashima aho uwo mugambwe ugejeje igihugu mu myaka 12 umaze uri ku butegetsi. Evariste NDAYISHIMIYE aravuga uko Uburundi bwari bumeze imbere y’umuzo wa CNDD FDD.
« Cari igihugu gifutanye, cari igihugu abeneco binubana bifatiye ku macakuri y’ubwoko. Cari igihugu kirimwo umwiheburo mwinshi. Intwari z’Uburundi zaritanze zitiziganya kugira igihugu kizamuke. Umugambwe CNDD FDD waje muri iyo ntumbero. »
Evariste NDAYISHIMIYE, umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD FDD
Kubwa Evariste NDAYISHIMIYE, intambwe Uburundi bugezeko irashimishije, naho ibikorwa bigihari.
« Raba ingene abenegihugu bakeye mu maso, biraboneka ko bafise agatima keza. Umwimbu wariyongereye, ingwara zifatiye ku kudafungura neza zaragabanutse. »
Umunyamabanga mukuru wa CND FDD avuga ko ivyo uwo mugambwe ugezeko wabishoboye ku nguvu z’Abarundi ubwabo, kuko abafasha Uburundi babukeyeko amaboko.
« Igitangaza gikomeye, ni ukubona tumaze imyaka ibiri yose tutazera inze mu gutunganya amafaranga akoreshwa ku mwaka ku mwaka mu gihugu, bikaba vyabaye nk’imbonekarimwe mu gihugu cacu. Ni ibimenyetso bitabesha vy’umwizero wa Kazoza keza mu Burundi. »
Naho biri uko, Evariste NDAYISHIMIYE avuga ko urugamba rutarahera.
« Umugumyabanga wese yomenya ko urugamba twitangiye rutarahera, kwitanga birabandanya. Ubu duhamagariwe kubungabunga amahoro n’umutekano. »
Evariste NDAYISHIMIYE yagarutse kandi ko ngingo Uburundi buheruka gufata y’ukuva muri Sentare mpanavyaha mpuzamakungu CPI, ico yise ukwikukira kugira kabiri kw’Uburundi. Kubw’uwo arongoye CNDD FDD, ibihugu vy’ibihangane nivyo vyari vyashizeho iyo Sentare kugira basenyure inzego z’Uburundi, indongozi z’Uburundi ziherere mw’ibohero.
Ibirori nyezina vy’uguhimbaza umunsi wahariwe umurwanyi muri CNDD FDD bizobera mu ntara ya Cibitoke kuri uwu wa gatandatu.