Umushikiranganji w’ukwivuna abansi w’Uburundi yatanze intererano y’amatora

Amafaranga imiriyoni zibiri z’amarundi niyo Emmanuel NTAHOMVUKIYE yatanze mw’ibanki nkuru y’igihugu (BRB) kuri uwu wa gatanu.

Umushikiranganji w’Uburundi ajejwe kwivuna abansi akaba yahamagariye n’abandi basirikare b’Uburundi kugira nkawe, baterere amatora yimirije mu Burundi.