Ijambo Dr Merlin yashikirije kwigenekerezo rya 18/11/2015 aho yabwira abo barikumwe, anaricisha no kurubuga facebook rwiwe, avuga ico Imana yamuhamagariye.

ICO IMANA YADUHAMAGARIYE NI UGUSHIKANA IHANGA RY’ABARUNDI MUGIHUGU C’ISEZARANO

Bagenzi bakundwa, ibi tubabwira si ivyo twiyumviriye canke twigeneye ngo dukore. Imana yaduhamagaye ngo tuyikorere dukure ihanga ryayo muburetwa bwa Farao wi Burundi. Iyo nayo ni impwemu y’amacakubiri y’ubwoko, intara, imigambwe, imiryango n’amadini. Impwemu y’akarenganyo, kurya ibiturire, ukwica no gukumira abandi n’ubukene.

Naho umuyaga wohuhuta, isegenya rikarwa , imivo igasuriranya ndetse nibiyaga bikavyura ingunza, ntituzosubira inyuma kuko duhagaze kurutare rutanyiganyiga kandi twishimikije isezerano ry’intahava. Naho hoza uwundi muhari umwe, icumi canke ijana yiyitirira amasezerano ntivyoduhungabanya kuko bizoba ari ibikoresho bije gusibura imihora bikorera umugambi w’Imana bitabizi. Mwame mwibuka yuko ata noti yinyiganano y’idorari ry’irirundi ibaho kuko ata dorari ryukuri ry’irirundi ririho. Ariko inoti yinyiganano y’amafaranga y’amarundi ariho kuku bigana amanoti ariho. Nico kimwe n’isezerano. Hazobaho abagomba kwigana uyu mugambi w’Imana w’isezerano banakoreshe amajambo dukoresha kuko iyo hariho ikintu c’ukuri impwemu zahantu hatamenyekana zica zikora ivyiganano, ivya fake n’ivyishushanya.

Ntitwemeye kurongora ihanga ry’Imana kuko duhahamiye ubutegetsi, amaronko canke ivyicaro. Haba namba. Imana isanzwe yaratugiriye neza, yaratwishuye maze iduhoza amarira. Mugabo yaradushize kumutuma umutwaro wo kwitwararika ihanga ry’abarundi n’igihugu c’uburundi. Yadutumye gusengera igihugu, kugikorera no gukora uko dushoboye kwose ngo uburundi boronke Amahoro, ubutungane n’iterambere birama kuri bose. Nti twaje gukora iyi mirimo kuko twabuze ikindi twokora kandi ntituri muri ibi bikorwa kubera yuko dukenye, haba namba. Turi muri ibi bikorwa kubera yuko twabihamagariwemwo n’Imana Uhoraho kandi tubikorana umutima n’ubwenge bwacu bwose, umutima wacu wose nivyo dutunze vyose.

Iyaduhamagaye ntakabuza izodukingira kandi izodushoboza. Erega ikurikirana umugambi wayo kuburundi kumunsi kumunsi. Iraraba ivyo twiyumvira, ivyo dukora, ivyo tuvuga n’ivyo twandika. Nico giyutuma kuri twebwe ego ari ego kandi oya ari oya. Ntituzokorana n’umwansi kirazira kandi ntawe tuzogirira nabi canke ngo duhemuke namba kubera yuko twubaha kandi dutinya iyaduhamagaye. Umwansi ni Satani n’ibikoresho vyiwe, intakebwa, uwariwe wese agomba kugumiza ihanga ry’Imana mu buja bw’ivyaha, ubuja bw’amacakubiri, ubuja bw’akarenganyo, ubukene n’ububisha uko busa kwose. Nti twahamagariwe kurwanya uyu canke uriya ngo ni uko ari kubutegetsi canke ngo ni uko arwanya ubutegetsi. Muri iyo mirwi yose harimwo ababi kandi harimwo n’abeza. Muri iyo mirwi yose uko ari ibiri harimwo abo Imana yaribanuye bazokorera kandi bazoba mu Burundi Bushasha bw’Isezerano. Nico gituma atawe tuzotuka canke ngo tugwanye kubera uruhande yegamiyemwo, tuzogwanya uzotugwanya wese kuko tugwanira umugambi w’Imana gusa: Uburundi Bushasha bw’Isezerano. Imana yaradusezeraniye kuduha intwari zizodufasha ibikogwa muri uyu mugambi wayo. Woba uri umwe murizo? Urahawe kaze uko uri kwose, aho uturuka hose. Tuzokwigisha urukundo rushitse mu barundi bose, tubereke akarorero n’inzira nziza yo kubana mu mahoro babikunda canke bavyanka tuzohagararira ukuri. Abarundi bose bategerezwa kungana I mbere y’amategeko, bakagira amahigwe amwe muvyo indero, ubutunzi, ivya politike no mubindi bisata vyose atabwoba yuko ngo ba kanaka bokwizizira canke bakihagira ubutegetsi.

Duhamagarira umurundi wese iyari yaba uwuri mugihugu, yaba uwuri mumahanga, yaba uwufise akazi akariko kose yaba utagafise kwifatanya natwe muri uru rugendo gwo kujana ihanga ry’Imana ry’abarundi mugihugu c’Isezerano-Uburundi Bushasha bw’Isezerano. Uje kwifatanya natwe ni vyiza cane turakwakirana urweze n’urukundo rushitse, utaje naho nyene ntagipfa turabandanya urugendo, ntagisivya turagenda kuko iyasezeranye niyo kwizigirwa. Ntidukundira abantu namwe bodusamaza naho boba biyita abahinga kuko twubakiye kuri Nyeninkomezi.

Yaduhaye ubwenge, iduha inguvu yongera iduha n’ugushaka twivuye inyuma. Umusozi abandi bose baduze ukabananira twebwe kubera inkomezi z’Imana tugiye kuwurangiza.

Turazi yuko tuzohura n’indyadya ziyorobeka, abasuma n’abambuzi mugabo ntibazoduca inkokora. Bazogomba kutwica, mbere abatari bake bazicwa, bamwe bapfungwe abandi banganzwe. Ivyo vyose nivyo miruho, amabavu n’ivyuya vyo gukorera Uburundi Bushasha bw’Isezerano. Tuzobisabirako kuko nico twemeye.

Turazi yuko hariho ibikoresho vya satani, intumwa za Farawo n’ababisha bazotwisukamwo kugira ngo badusambuze amajambo, ibitutsi, insaku n’ibikogwa vyabo bibi. Ivyo vyose turavyiteguriye kuko Mpwemu w’Imana yavuze yuko azogendana natwe aduhishurire ivyinyegeje vyose mwihanga ry’Imana.

Duhamagarira rero abakunda igihugu bose gufata ukuri nkankama ukwo nakwo ni umuheto n’ijambo, bifatanye natwe barwanire bongere bakingire uburundi. Mwese muhaguruke duhagararire ukuri. Ni dusangwe Imana Uburundi n’Isezerano