Abantu bashika kuri babiri bahasize ubuzima igihe igipolisi catana mu mitwe n’abashigikiye uwutavuga rumwe na leta Raila Odinga ku murwa mukuru Nairobi.
Biravugwa kandi ko umuduga w’igipolisi umwe watuririwe muri ukwo gutana mu mitwe.
Isinzi ry’abantu bari baje kwakira uwo munyepolitike yari agarutse mu gihugu, akaba yaranse kuja mu matora asubiwemwo y’umukuru w’igihugu.
Hari amakuru yavuga ko umuduga wa bwana Odinga woba watewe ivyuka bikoroza amarira ashitse mu muji.
Kuwa mbere, sentare ntahinyuzwa ya Kenya vyitezwe ko ishikiriza urubanza rwerekeranye n’uko amatora asubiwemwo yoba yarakurikije amategeko.
Ayo matora yatsinzwe na Uhuru Kenyatta ku majwi mirongo icenda c’umunani kw’ijana.