Urubibe rwa Gaza na Misri rwongeye kwugururwa ubwa mbere mu myaka cumi

Urwo rubibe rusubijwe mu minwe y’abategetsi ba Palestine inyuma y’ibiganiro vyo gusubiza hamwe

Urubibe rwa Gaza na Misri ubu rugenzirwa n’abategetsi ba Palestine rwasubiye kwugururwa incuro ya mbere mu myaka cumi.

Abajejwe umutekano ba Palestine bari birukanywe muri ico kibanza n’umuhari wa Hamas mu 2007.

Misri na Israel baciye bashiraho inzitizi kuri uwo muhari babuza uruja n’uruza kuri urwo rubibe igihe Hamas ari yo yahagenzura.Ubu hasubijwe mu minwe y’abategetsi ba Palestine inyuma y’ibiganiro vyo gusubiza hamwe. Abanye Gaza bizeye ko bizobafasha kwishira n’ukwizana , mbere n’imodoka zunguruza abantu ziza zatangaye kujabuka mu Misri kuri uyu wa gatandatu.