Ijambo ry’Imana : Hariho ibihano vyagenewe abo ataco binoma bidibamiye.

🌈IBIHANO BIGEREWE ABIDIBAMIYE ATACO BINONA🌈AMOSI 6:3_4_9_11_13.

3.Yemwe ko mushira kure umusi mubi,mukigiza hafi intebe y’umuryano!

4.Biryamira ku mariri yakozwe mu mahembe y’inzovu,bakishanyangira ku misezero yabo,bakirira amasuguru y’intama bakuye mu mukuku,n’amashuri anuze,

9.N’aho mu nzu imwe hosigaramw’abantu cumi,bazopfa.

11.Kukw ehe raba,UHORAHO aragera,bikaba:inzu Nini igacikamwo ibihengeri,n’inzu ntoya igacika Ubu nywenywe.

13.yemwe abahimbarwa n’ikintu kutagira ikimazi,mukavuga, ngo Mbeg’inkomezi zacu si zo ziduhaye ububasha.🙏IMIGANI 1:7_23.

Guhubura kureka inzirambi

Kwubaha UHORAHO ni kwo tanguriro ry’ukumenya,Arikw ibipfu bikengera ubwenge n’inyigisho.

23.Muhindukire kubwo kwihanikiriza kwanje.raba nzosuka impwemu yanje kuri mwebwe,Nzobamenyesha amajambo yanje.AMEN🙏