Libiya: “Urudandazwa rw’abantu ni ingaruka zivyakozwe n’ibihugu rutura.” Petero Nkurunziza.

Ubutumwa bw’umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero NKURUNZIZA bwanditswe ku muhora wiwe wa Twitter buvuga buti : « Je condamne cette cruauté d’un autre âge en Libye. Ces méfaits de l’esclavage sont le résultat de l’intervention militaire unilatérale de certains pays occidentaux en Libye suite à l’abus des résolutions de l’ONU et au mépris des décisions de l’Union Africaine. »

Petero NKURUNZIZA, umukuru w’igihugu c’Uburundi

Twarondeye Willy NYAMITWE, umuhanuzi mukuru w’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA ajejwe kumenyesha amakuru kugira adusigurire ubwo butumwa bw’umukuru w’igihugu bwanditswe mu rurimi rw’igifaransa.

Willy NYAMITWE avuga ko umukuru w’igihugu yiyamiriza urwo rudandazwa rw’abantu, akavuga ko iyo ari ingaruka y’ivyakozwe mu gihugu ca Libiya, aho ibihugu rutura n’abasirikare bavyo bateye ico gihugu, bahindura inzego zari zihari. Kubw’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA, urwo rudandazwa rw’abantu ni ingaruka z’igihugu catswe uburongozi bwaco.

Ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika rimenyesha ko ryakiranye umubabaro amasanamu yashizwe ahabona, yerekana abimukira bo musi y’ubugaragwa bwa Sahara bariko baragurishwa kw’isoko ry’abaja mu gihugu ca Libiya.

Ayo masanamu yashizwe ahabona n’imboneshakure CNN yo mu gihugu ca Reta zunze ubumwe za Amerika yerekana urudandazwa rw’abantu muri Libiya, aho hari abasore bariko bagurishwa icamunara, kugira bajanwe gukora mu mirima, bagakora badahembwa, canke bagahembwa amafaranga make cane.

Ayo masanamu y’imboneshakure CNN yerekana ko abo basore bagurishwa umwe amafaranga agera ku madorare amajana ane.

Ishirahamwe mpuzamakungu rijejwe abimukira (OIM) riremeza ayo makuru y’igurishwa ry’abirabure baryavuze ko ryegeranije ibimenyetso vy’abagirwa abaja muri Libya.

Ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika rimenyesha ko rigiye gukoreshwa uburyo bwose rifise, kugira urwo rudandazwa rw’abirabure b’abimukira ruranduranwe n’imizi.