Umuyobozi mushasha wa API avuga ko agiye gushiraho imigambi ijanye n’ibihe vya none.

Mw’ijambo yashikirije kuri uwu wa mbere, mu gihe haba ibisikanya hagati y’umuyobozi mushasha n’uwahahora, Leonard Sentore aheruka kugenwa mu burongozi bwa API yashikirije ko imigambi mikuru mikuru itari bwaje mu ngiro agiye gukora ibishoboka kugira ikorwe.

Leonard Sentore aheruka kugenwa mu burongozi bwa API

Imwe muri iyo migambi ni iyijanye no gushiraho urubuga ngurukana bumenyi rwa API ruri mu rurimi rw’Icongereza, gushira ingingo ngenderwako zizokworohereza abanyamitahe kuzana imitahe yabo mu Burundi ari benshi, hamwe no gushiraho uburyo bwa none buzofasha abashaka kuriha amafaranga y’ivyo bakeneye.

Tubibutse ko Leonard Sentore asubiriye Didace NGENDAKUMANA yari amaze amezi 22 arongoye ikigo API, ubu akaba yagenwe kuba umuyozi nshingwantwaro ajejwe ivy’ubutunzi mu kigo ARFIC gikurikirana ivy’ikawa mu Burundi.