Kenya: Abagendesha imiduga basomye bazokoreshwa mu buruhukiro

Ikarata ya Kenya

Abakenya bashimye umugambi w’igisata kijejwe umutekano wo mw’ibarabara muri Kenya gishaka gutunganya itegeko rizotuma uwugendesha imodoka yanyoye izirenze urugero ajanwa kwoza imibiri y’abapfu mu buruhukiro.

Ico gisata kiridoga kivuga ko hari amasanganya menshi akogwa ategwa n’abantu banyoye bakarenza urugero.

Uwurongoye ikigo kijejwe umutekano wo mw’ibarabara, Francis Meja, yavuze kw’ico gihano cashimwe n’abakenya, niko ikinyamakuru Nairobi News canditse.Ku bw’ico kinyamakuru, Bwana Meja ngo yabwiye ikinyamakuru Standard ati: « Ntidushobora kuba dufise imboregwa karuhariwe zituma haba impanuka hanyuma zajanwa muri sentare ihadabu ikaba ataco ivuze. Igihe iryo tegeko rizoba ryaheze gutegugwa, tuzokora ukwo dushoboye ritangure gushigwa mu ngiro. »

Ku mbuga hwaniro, abakenya bakeje uwo mugambi, bavuga kw’iryo tegeko rizotuma abagendesha imiduga bitonda mu migenzo yabo, iyo bagendesha imiduga.

Abandi nabo baribaza ku bijanye n’icubahiro gihabwa abasezeye isi, mu gihe bazoba bozwa n’imboregwa.