
Umunyamabanga w’umugambwe APDR yagiriza uwo yahora arongoye umugambwe APDR ko yahinduye ibiranga umugambwe, ibituma umugambwe uhinduka kuko ibiwuranga navyo vyahindutse.
Gabriel BANZAWITONDE yahora arongoye umugambwe APDR yagirizwa kandi ko mu mvugo ziwe ashibkiriza ashira imbere intwaro mfatakibanza, ivyo navyo bikaba bidahurizwako n’abanyamugambwe, kuko umunyamabanga avuga ko ubutegetsi bushingiye ku ntwaro rusangi ata handi buva atari mu matora.
Umunyamabnga w’umugambwe APDR avuga ko umugambwe uca uba urarongowe n’icegera c’umukuru w’umugambwe, mu kurindira ko hatunganywa ikoraniro risanzwe rizosubiriza umukuru w’umugambwe.
Ku ruhande rwiwe, Gabriel BANZAWITONDE yakuwe mu mabanga yo kurondera umugambwe tumuhamagaye kuri terefone ngendanwa yiwe, yatubwiye ko ari mu nama, ariko ko nawe ayo makuru yayumvise ku nsamirizi bisanzwe.