UMUTUMIRO W’AMASENGESHO Y’IHANGA RY’IMANA RY’ABARUNDI YO GUSENGERA UBURUNDI BUSHASHA BW’ISEZERANO YO KUWA 22/11 NA 25/11/2017
Nkuko Uhoraho Imana yabidutegetse, ku misi (Mercredi na Samedi) twama dufise amasengesho yo gusengera abarundi bose n’uBurundi bushasha be‘ isezerano
I. Urufatiro : « Twizere kugira dushikire ivyo twasezeraniwe » (Abaroma 4:13-25); na 2 Ngoma20:3 (YOHOSHAFATI AGIRA UBWOBA,ACA AGIRA UMWETE WO KURONDERA UHORAHO,ASHINGA UMUSI WO KWISONZESHA MU BUYUDA HOSE)Bakundwa,ibihe n’ibibazo tugenda tugira ntibidutere ubwoba kuko hari ubushobozi bw’amasengesho,Yehoshafati amaze kubona ko atarindi saganyirizo yirukiye ku Mana.
none nawe ntahandi ufise atarukwambara amagunira no kwisiga iminyota tukaririra Imana.
II. Inyigisho zo gutanga:
-Nimbawarasezeraniwe izere;(itanguriro 17:19)
– kura gukekeranya kuko ntakinanira Imana(itanguriro 18:15)
★ :indirimbo : 126;39;249; 210
III.IVYOMPWE YERA YAHISHUYE:
1. Yesu ati (nimuze mwebwe mwese murushe nabaremerewe)
Bagenzi, mureke kwigewanira mu makuba, ubukene, inzara n’imibabaro.
IV. ICO USABWA KUGITI CAWE
1. Igigwa kure icaha n’igisa naco maze wirabire ugutabagwa n’Imana kugushikeko.
2. Iyambure ubwoba bwose umenye yuko Imana iri kumwe nawe, uhagarare mukugororoka.
3. Izigire Uhoraho gusumba amakuru n’ayandi majambo y’abana babantu.
IV. IMITWARO
1.Gusengera ihanga n’abarigize bose ;gushika kubagwaye, impfuvyi, abapfunzwe; n’abapfakazi;
2 .Gusabira abakozi b’Imana n’avavugishwa nayo barindwe kabdi bongerwe inkomezi;
Tubaye turabashimira kukigoro k’amasengesho muzogira kuri iyo minsi ibiri . Ni Dusangwe IMANA-BURUNDI N’ISEZERANO .
Bigiriwe I Bujumbura kuwa 22/11/2017.