
Papa Francis yavuze ko amabarabara asigaye ameze nkayo gukoreramwo isiganwa ry’imiduga nk’aya Formula One
Umwungere wa Ekleziya Gatolika, Papa Francis yasavye igipolisi co mw’ibarabara kugirira ikigongwe abarenga amategeko mw’ibarabara.
Mu nama yarimwo ari kumwe n’abo mu gipolisi co mw’ibarabara mu Butaliyano yagize ati: « ikigongwe ntivyerekana ukubura inguvu », niko yavuze. « Kandi ntibisaba kureka gukoresha inguvu. »
Yongeye avuga ko igipolisi cari gikwiye kurondera kumenya icatumye umuntu akora ikosa.
Uwo mwungere aturuka mu gihugu ca Argentine avuga ko hari ibintu vyinshi vy’akavuyo bikoregwa mu mabarabara.
Yavuze ko hari ingeso yo « kwihuta no guhiganwa » ituma abantu bamwe babona abandi « ko babazibiye canke ko bahiganwa, kurivyo bakwiye kurenganwa, ugasanga ibarabara ribaye nkamwe akoregwamwo isiganwa ry’imiduga rya Formula One.
Papa arongoye Ekleziya Gatolika kuva mu 2013, yidogeye abavugira kuri telephone ngendanwa bagendesha imiduga.
« Dutegerezwa kwama twibuka abashoferi ataco bitaho, batabona kenshi ingaruka zitegwa n’ugusamara, » niko yavuze.
Mu ndwi iheze, Papa yahezagiye imodoka igenewe ikarashishi yagabiwe, iriko iragurishwa icamunara ku mvo zo kurondera gufasha.