Zimbabwe:Uwahoze ari icegera ca Robert Mugabe yamusavye gutanga imihoho

Mu rwandiko yahaye ibinyamakuru, M. Mnangagwa, yaheruka gukurwa mu mabanga y’icegera c’umukuru w’igihugu, bikaba ari navyo vyatumye igisirikare gikoresha inguvu mu gushira hasi ubutegetsi bwa Perezida Mugabe, yasavye ko umukuru w’igihugu yotanga imihoho.

M. Mnangagwa yamenyesheje kandi ko adashobora gutaha mu gihugu ca Zimbabwe mu gihe umutekano wiwe utokingirwa bikwiye.

Bitegekanijwe ko inama nshingamateka ya Zimbabwe isaba Robert MUGABE gutanga imihoho mu mabanga yo kurongora igihugu kur’uyu wa kabiri igenekerezo rya 21 Munyonyo 2017.

Kuva igisirikare kimenyesheje ko gifashe ibintu mu minwe kugira gifate abahungabanya ubutunzi bw’igihugu, imirwi itari mike mu gihugu, harimwo n’abari mu mugambwe wa Robert MUGABE baramaze kugira imyiyerekano basaba ko atanga imihoho.

Ubu Robert MUGABE yaramaze gukurwa mu burongozi bw’umugambwe ZANU PF yari arongoye, haraheze imyaka itari mike.