
Mu giporisi c’Uburundi bamenyesha ko Nestor NIBITANGA yafatanwe impapuro ziriko ivyemeza vy’uguhungabanya umutekano.
Imbere y’uko atabwa muri yompi, abaporisi basatse ku rugo rwa Nestor NIYIBITANGA ruri muri Quartier Musinzira, muri komine n’intara ya Gitega, ariko nta kirwanisho bahatoye, atari izo mpapuro ziriko ivyo yagirizwa.
Nestor NIBITANGA apfungiwe mu gasho k’igendereza mu ntara ya Gitega.