
Itanga imihoho rya Mugebe ryakiranywe urweze muri Zimbabwe
Abanye Zimbabwe bari mu munezero ntangere gushika mu gicugu unyuma y’aho prezida Robert Mugabe atangiye imihoho mu mabanga yiwe.
Yari amaze imyaka 37 ari ku butegetsi, mbere akaba yarigeze kuvuga ko « Imana yonyene » ari yo ishobora kubumukurako.
Somambike wiwe yahindutse umwansi kuri we, icegera ca prezida Emmerson Mnangagwa, vyitezwe ko agaruka ava mu gihugu kibanyi ca Afrika y’epfo, kandi ashobora kwimikwa nk’umukuru w’igihugu mushasha.
Itanga ry’imihoho ryamugabe ryamenyeshejwe mw’ikete ryasomwe n’umukuru w’inama nshingamateka.