Nestor NIBITANGA yahora arongoye ishirahamwe APRODH mu ntara ya Gitega yamanukanywe gupfungigwa I bujumbura

Nestor NIBITANGA yahora arongoye ishirahamwe APRODH mu ntara ya Gitega yahagaritswe n’igiporisi mu gatondo ko kuri uwu wa kabiri yagirizwa guhungabanya umutekano w’igihugu, nk’uko vyemezwa na Petero NKURIKIYE avugira igiporisi c’Uburundi.

Mu giporisi c’Uburundi bamenyesha ko Nestor NIBITANGA yafatanwe impapuro ziriko ivyemeza vy’uguhungabanya umutekano.

Imbere y’uko atabwa muri yompi, abaporisi basatse ku rugo rwa Nestor NIYIBITANGA ruri muri Quartier Musinzira, muri komine n’intara ya Gitega, ariko nta kirwanisho bahatoye, atari izo mpapuro ziriko ivyo yagirizwa.