Ubuhinga: ‘Kuva mu 2022’ hazokoreshwa imodoka itagira umudereva muri Singapour

Nanyang Technological University in Singapore already uses driverless shuttles at its campus

Igihugu ca Singapour gitegekanya gutangura gukoresha imodoka zunguruza abantu zitagira umudereva kuva mu 2022.

Reta ivuga ko izo modoka zizoza zica mu turere dutatu turimwo amabarabara ata ruja n’uruza rwinshi ruharangwa, agenewe kugendeshwamwo ayo mabisi gusa.

Izo modoka zunguruza abantu zizofasha kunguruza abantu mu micungararo y’aho baba, hamwe na hagufi y’ahaca amagariyamoshi hamwe n’ibituro vy’amabisi.

Singapour ifise igitigiri kinini c’abantu yizeye ko ubwo buhinga bwo kudakoresha umudereva buzofasha ico gihugu mu bibazo vy’ubutaka hamwe n’amikoro make y’abantu.

« Imodoka zigendesha zizofasha bikomeye abantu mu buryo bwo kwiyunguruza bitagoranye, na cane cane ku bageze muza bukuru, imiryango ifise abana bakiri bato hamwe n’abagendana ubumuga, » uko ni ko umushikiranganji ajejwe gutwara abantu n’ibintu Khaw Wan yavuze.

Taxi zitagira umudereva ziramaze kugeragezwa muri Singapour

Izo modoka zitagira umudereva zizoba zije kwunganira izari zihasanzwe, kandi zizokora ahanini mu masaha ata ruja n’uruza rwinshi ruhari.

Nta rutavanako rw’imodoka rurangwa muri Singapour ugereranije n’ibindi bisagara vyo mu bumanuko bwa Asia, kubera ukwiyongera kw’amabarabara hamwe na politike yo guteza imbere uburyo bwo kwunguruza abantu.

Ico gihugu kandi cizeye gufata iya mbere mu gukoreshwa ubuhinga bwo kwunguruza abantu mu modoka zitagira umudereva.