Umukuru wa PARCEM avuga ko ikibanza cose coberamwo ibiganiro ataco bitwaye.

Faustin NDIKUMANA arongoye ishirahamwe PARCEM ashikirije ivyo mu gihe bamwe mu banyeporitike b’abarundi, hamwe na Reta y’Uburundi, baheruka gusaba umwunganirizi w’umuhuza Benjamin William Mkapa gutahukana ibiganiro mu Burundi.

Faustin NDIKUMANA arongoye PARCEM avuga ko mu gihe hoba hageze ko ibiganiro bitahukanwa mu Burundi, ata kibazo vyotera, ariko ko igihambaye ari uko vyohurikiramwo bose, bikazana inyishu y’ibibazo, na cane cane ivyumvikanywe bigashirwa mu ngiro.

Faustin NDIKUMANA amenyesha ko abavuga ko ibiganiro bitoshobora gutahukanwa ari abashaka gusamaza kugira ibibazo nyamukuru bihanze igihugu ntibizokwigwe, kuko kenshi mu vyibonekeza mu biganiro ari uko hageze ko higwa ibibazo nyamukuru ibiganiro bica bihagarara.